Guhungisha abantu igisagara ca Khartoum bibandanya bigorana kubera intambara
Mu gihe ibihugu bitandukanye biriko birakura abavyo muri Sudani, bamwe mu barundi ntibarashobora kuvayo mu gihe abandi bakiri mu nzira barondera gusohoka ico gihugu.
Intamagara ihuza abasirikare ba Sudani n’abitwaje ibigwanisho bo mu mugwi RSF yatanguye itariki 15 Ndamukiza (4).
Intandaro yayo ikaba ari integuro yo gusubiza intwaro abasivile ariko na cane cane ikirangamisi co gushira mu gisirikare ca reta abagwanyi ba Rapid Support Forces, RSF.
Mu barundi bari mu gihugu ca Sudani benshi n’abagiye kwiga abandi bagiye kwivuza.
Umwe mu barundi bagwariye mu bitaro vya “The Salam Centre For Cardiac Surgery” biri mu micungararo ya Khartoum avuga ko ibintu bitoroshe.
G.N umugore w’abana batatu atashatse ko amazina yiwe amenyekana yagize ati:”Amabombe, inkoho biguma bivuga na karthoum ntawujayo.
“Abaganga ntibatonda tuvugwa n’abugaraniwe ngaha nkatwe. Abataliyano barigiriye hasiga 5 gusa.”
G.N avuga ko abarundi bari muri ivyo bitaro ari 5, harimwo abagwayi batatu n’abagwaza babiri. Bafise ubwoba kuko babuze aho baca ngo batahe.
Avuga kandi ko n’indya zitanguye kubaherana.
Agira ati:” Tumeze nk’abari mu gasho, ntidusohoka. Emwe uwutabibonye sinzi…nzobiyagira abana.
“Ubu dufungura umukate, isupu y’ubushaza bwumye n’umuceri, ni vyo bidutunze. Iyo supu na yo kuyikoza mu kanwa..wapi. Sinzobona ndashitse muhira.
Avuga ko babemereye ko bashobora kubafasha kuva muri Sudani kuri uyu w’Imana.
G.N ati:” Batubwiye ko uyu musi badukura ngaha ariko ndavyemera ndabibonye.”
Mu bitaro vya Salam Centre for Cardiac Surgery ntagakacira abagwayi bose bugaraniwe mu vyumba
Abanyeshure b’abarundi bari mu bibazo bikomeye?
Abavuganye na BBC Gahuza n’abahora biga kuri kaminuza ya International University of Africa. Bose hamwe ni batandatu.
Bavuga ko intambara igitera kaminuza yabo yaciye ikikuzwa n’abagwanyi ba RSF barongowe na Gen Mohamed Hamdan Dagalo, azwi ku ritazirano rya Hemedti ahanganye n’ingabo za reta zirongowe n’umukuru w’ingabo Gen Abdel Fattah al Burhan.
Kubera ata buserukizi bw’Uburundi buri mu gihugu ca Sudani, abo banyeshure bavuga ko biyambaje ubuserukizi bwa Tanzania buvugana n’ubwo Uburundi buri mu Misri kugira bashobore kubakurayo.
Umwe muri abo banyeshure M.N, ubu ateye Addis Abeba agira ati:”Ubuserukizi bwa Tanzania bwaratwemereye ariko haba ikibazo c’imodoka. Ku modoka zitanu zari zitezwe, haje zine gusa.
“Twaciye twurira turi abarundi babiri, abandi ntivyabakundira.
“Gushika i Addis Abeba, twahagiye imisi itatu. Ntivyoroshe kuko imodoka zagenda ziragira ingorane. Kandi no ku rubibe baratugoye cane.
“Ubu ubuserukizi bw’Uburundi ngaha Ethiopia ni bwo bwatwakiriye, buradufungurira, buturihira ihoteli na viza y’ukwezi, mu kurindira ko baturihira itike y’indege tugataha.”
Uwundi mugwi w’abanyeshure batatu wasigaye ngo wafashe inzira igana Misri.
Uwavuganye na BBC muri bo yagize ati:”Duteye kuri Port Sudan.”
Aho kuri Port Sudan harangwa akajagari kenshi aho abantu bariko baragerageza kwurira amato vyanse bikunze, amwe muri yo agana muri Arabia Saudite ayandi muri Yemen.
Hari inkuru zivuga ko umwe muri abo banyeshure batazi aho ateye.
Ubuserukizi bwa reta ya Tanzania ngo bwoba bwari bwemeye gufasha gutahukana abanyeshure bava mu Burundi, Uganda, Mozambike na Angola.
Kubashaka kuva muri ico gihugu, hari ikibazo co kwiyunguruza aho imodoka yunguruza abantu yahora ikoteshwa amadolari 3.000 ubu iteye ku bihumbi 40 ku rugendo rutarenza ibirometero 30.
Imbere y’uko intambara yaduka, igiciro co kwipakiza uja ku mupaka yari amadolari 25 gusa, ubu ni amadolari 400.
Ubu ibintu vyifashe gute?
Intambara yasubiriye kwongerekana i Khartoum ku mugwa mukuru iburizamwo agahengwe kari gafise intumbero yo guha akaryo abantu guhungira mu bibanza birimwo umutekano.
Ku musi wa Mungu reta yavuze ko yateye mu bice vyose vy’igisagara ca Khartoum ikoresheje indege na vya muzinga, mu ntumbero yo kwirukanayo abagwanyi bahanganye.
Vyari bitegekanijwe ko ako gahengwe karangira ku mugoroba wo kuri uyu wa Mungu. Abantu miliyoni n’imiliyoni bugaraniwe Khartoum aho imfungurwa ziriko zirabaherana.
Ibihugu bifise abantu muri Sudani vyariko birabakurayo.
Bivugwa ko abantu barenga 500 bamaze kwicwa kuva iyo ntambara itanguye itariki 15 z’ukwezi kwa Ndamukiza (4) hagati y’igisirikare ca reta n’abagwanyi ba RSF. Ariko igitigiri c’abapfuye n’abakomeretse bashobora kuba barenga abo cane.