Ahavuye isanamu, Russian Ministry of Emergency Situations
Ikibanza ca Crocus City Hall cari citeguriye kwakira igiteramo ca rock, igihe abantu bitwaje inkoho baduka muri ico kibanza.
Abantu bane baramaze guhagarikwa bakekwa kugira igitero cahitanye abantu 115, gikomeretsa abandi barenga 100.
Vyitezwe ko igitigiri c’abahasize ubuzima gishobora kwongerekana.
N’imiburiburi abantu bane bambaye impuzu zo kwiyoberanya bagize uruhara muri ico gitero, mu buraruko bushira uburengero bwa Krasnogorsk, nk’uko vyerekanwa n’igisata ca BBC-verified video (igisata gihinyuza ahafatiwe video).
Ikibanza ca Crocus City Hall cari citeguriye kwakira igiteramo ca rock, igihe abantu bitwaje inkoho bacadukamwo.
Igice kinini c’iyo gorofa catewe n’umuriro mbere hamwe igisenge kirakoroka.
Bivugwa ko abana bari mu bapfuye, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburusiya n’amakungu akaba yateye ivyatsi “igitero c’iterabwoba”.
Inkuru zitangwa n’itangazo riri ku mbuga hwaniro ritaragenzurwa neza, umuhari wa Islamic State (IS) uvuga ko ari wo uri inyuma y’ico gitero.
Abategetsi ba Amerika babwiye CBS, bakorana na BBC muri Amerika, ko ico gihugu cari caronse inkuru zerekana ko IS yagabishije gutera Uburusiya. Ibiro vy’umukuru w’igihugu vya Amerika bivuga ko vyari vyaciriye agace Uburusiya mu ntango z’uku kwezi ku nteguro y’ibitero bishobora kuba i Moscou, bitumbereye “ahakoraniye abantu benshi.”
Igisata kijejwe umutekano hagati mu gihugu mu Burusiya kivuga ko ingabo zidasanzwe ziri muri ico kibanza gutuza abateye. Umutegetsi akomeye w’Uburusiya na we nyene ariko aragana Krasnogorsk.
Mu ndwi zibiri ziheze, Ubuserukizi bwa Amerika bwaragabishije abanyamerika kwirinda ahakoraniye abantu benshi, buvuga ko buriko burakurikirana inkuru z’uko “intagondwa zifisi imigambi yo gutera mu bibanza bikoraniyemwo abantu benshi i Moscou”.
Ubwo buserukizi bwarabisubiyemwo kandi u wa gatanu ku mugoroba, buhamagarira banyagihugu ba Amerika kwirinda ahashobora kubera ico gitero.
Abarusiya barenga 6000 ni bo bari bakoraniye i Crocus City Hall kuraba igiteramo c’umugwi Picnic uririmba indirimbo za rock. Umwe mu babibonye avuga ko ubwicanyi bwatanguye iminota mike imbere y’uko uwo mugwi utangura igiteramo.
Abagize uwo mugwi wa Picnic bo nta co babaye.
Prezida w’Uburusiya Vladimir Putin ntarashikiriza ijambo igihugu, ariko inkuru zitangwa n’umwe mu vyegera vyiwe, yipfurije abakomeretse gukira n’ingoga.