Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Ian Aikman
- Igikorwa, BBC News
Amabohero menshi mu Bufaransa yaragabweko ibitero mw’ijoro ryakeye nk’uko bimenyeshewa n’abategetsi muri ico gihugu.
Imodokari zaraturiwe, naho kuri rimwe mu mabohero, hararaswa urwinjiriro rwaryo.
Umushikiranganji ajejwe ubutungane Gérald Darmanin avuga ko amabohero yahuye n’ico yise ‘gushaka guterwa ubwoba’ akavuga ko ibi bifitanye isano n’igikorwa ca leta co gufata abari mu rudandazwa rw’ibiyayuramutwe.
Ibigo vy’amabohero bigera ku ndwi ni vyo vyatewe nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru Le Parisien: muri Toulon, Aix-En-Provence, Marseille, Valence na Nîmes mu bumanuko bw’Ubufaransa, hamwe rero na Villepinte muri Nanterre hafi ya Paris.
Mu butumwa bwaciye kuri X, Darmanin yavuze ko yariko yerekeza i Toulon gufata mu mugongo abayobozi bahuye n’ivyo bitero.
Atarinze kudoma urutoke ku wo yibaza yagavye ivyo bitero, yavuze ko leta y’Ubufaransa ‘yiteguriye guhangana n’ikibazo c’urudandazwa rw’ibiyayuramutwe’ kandi ko iriko irafata ingingo zo ‘guhungabanya bimwe bikomeye’ ibisenge vy’abo bagizi ba nabi.
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati Bruno Retailleau yavuze ko inyishu y’ico kibazo kuri leta izoza ‘ata kigongwe canke guhesha’.
Ku rubuga rwiwe rwa X yahora ari twitter yagize ati: “Abatera abayobozi b’amabohero bakwiye kwugaranirwa mu mabohero bagakurikiranwa n’abo bayobozi”.
Yavuze kandi ko yategetse igipolisi guca gikaza ubwo nyene umutekano w’amabohero.
Ishirahamwe ry’abakozi bacungera amabohero, FO Justice, ryagaragaje ‘umwitwarariko ukomeye n’agashavu’ inyuma y’ivyo bitero ‘bikomakomeye’ vyaraye bibaye.
Iryo shirahamwe ry’abakozi ryashize ku rubuga rwa X, amafoto y’imidokari zatuririwe mu bituro (parking) vyo muri ivyo bigo vy’amabohero, n’ibitoboro vy’amasasu kw’irembo ry’ikigo c’ibohero rya Toulon.
Iryo shirahamwe ryahamagariye leta kugira ico ikoze mu gukingira abakozi b’amabohero.
Ibitero vyo mw’ijoro ryo kuri uyu wa mbere vyakurikiye ivyo imodokari indwi zaturiwe mu gitero gisa n’ivyo cari caraye kigabwe ku munsi w’Imana kw’ishure rya leta riramura abakozi bo mu mabohero, nk’uko iryo shirahamwe ry’abakozi ribimenyesha.
Itangazo ryabo ryavuga riti: “Birateye ubwoba kubona hari abantu batagera umutwe kugaba ibitero ku nyubakwa z’ibohero, ikimenyetso c’ubutegetsi bw’igihugu”
Nta mugwi n’umwe uremanga ivyo bitero, ariko Le Parisien gitangaza ko indome DDPF – Droits Des Prisoniers Français (uburenganzira bw’abanyororo mu Bufaransa) zari zanditse ku mudokari zononekaye.
Itororokanirizo ry’amakuru AFP rimenyesha ko hari n’ivyivugo vy’abashaka ko leta ikurwaho vyabonetse ku bibanza bimwe bimwe.
AFP isubiramwo amajambo y’umwe mu bakurikiraniye hafi ico kibazo, avuga ko bisa nk’aho hari isano riboneka hagati y’ivyo bitero vyagabwe mu buryo buteguye, n’ingingo ya leta yo gutuza ibiyayuramutwe.
Hari itegeko riri imbere y’inama nshingamateka rishaka gushiraho ibiro vy’umushikirizamanza mukuru bijejwe guhana ibiyayuramutwe, rigaha n’ububasha bushasha abajejwe gukora amatohoza.