Ahavuye isanamu, Russian Ministry of Emergency Situations
Ikibanza ca Crocus City Hall cari citeguriye kwakira igiteramo ca rock, igihe abantu bitwaje inkoho baduka muri ico kibanza.
Abantu bane baramaze guhagarikwa bakekwa kugira igitero cahitanye abantu 115, gikomeretsa abandi barenga 100.
Vyitezwe ko igitigiri c’abahasize ubuzima gishobora kwongerekana.
N’imiburiburi abantu bane bambaye impuzu zo kwiyoberanya bagize uruhara muri ico gitero, mu buraruko bushira uburengero bwa Krasnogorsk, nk’uko vyerekanwa n’igisata ca BBC-verified video (igisata gihinyuza ahafatiwe video).
Ikibanza ca Crocus City Hall cari citeguriye kwakira igiteramo ca rock, igihe abantu bitwaje inkoho bacadukamwo.