
Ahavuye isanamu, Reuters
Imboneshakure y’igihugu yerekanye amashusho y’abo bagore n’abana ku wa gatanu ku mugoroba
Inzego zijejwe umutekano muri Burkina Faso zatabaye abagore n’abana 66 bari banyurujwe n’abikekwa ko ari abagwanyi biyitirira idini rya Islam mu buraruko bw’ico gihugu ku ndwi iheze, nk’uko bivugwa n’imboneshakure y’igihugu.
Mw’inyuruzwa ry’abantu benshi icarimwe ritari bwabe gushika aho, abahuye n’ivyo vyago bafashwe bariko barasenya inkwi mu karere karembejwe n’abo bagwanyi.
Batowe muri bus kuri bariyeri y’abajejwe umutekano ku 200km mu bumanuko bw’aho bafatiwe, nk’uko amakuru avuga.
Ntibiramenyekana niba abari babatwaye nabo bafashwe.
Ku wa gatanu, imboneshakure y’igihugu yerekanye abo bana n’abagore bamwe bahetse abana mu mugongo, bariko barurira i bus ku kibuga c’indege bahejeje kwumviriza ijambo ry’intwazangabo mu gisirikare.
‘’Basubiye kuronka umwidegemvyo inyuma y’iminsi umunani bari mu minwe y’ababanyuruje,’’ nk’uko umunymakuru avuga.
Ubu bari ku murwa mukuru Ouagadougou aho vyitezwe ko bazosambishwa kugira ‘’hamenyekane vyinshi ku bari babanyuruje, aho bari bapfungiye n’ingene bazanywe’’, nk’uko hari uwujejwe umutekano yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP.
Abo bagore n’abo bana bari banyurujwe mu migwi ibiri ku wa 12 n’uwa 13 Nzero (1) muri district ya Arbinda.
Amabarabara yinjira n’ayasohoka ako karere yarugawe n’abo bagwanyi. Hari inzara nyinshi kuko hashikayo ivyo kurya bike cane, kandi abantu bari mu kaga gakomeye.
Mu kwezi guheze abanyagihugu bari mu myiyerekano muri Arbinda barateye ububiko bw’indya kugira baronke ivyo kurya.
Igihugu ca Burkina muri rusangi kimaze umwaka gihanzwe n’abo bagwanyi batumye abantu bangana hafi miriyoni zibiri bata izabo.
Igisirikare mu kwezi kwa mbere guheze carafashe ubutegetsi cemera ko kizorangiza ibitero. Uwundi mugwi w’abasirikare waciye ukora coup d’etat igira kabiri muri Nyakanga (9) kubera ukunanirwa no kurangiza ico kibazo c’umutekano muke ariko n’ubu intureka irabandanya.