Ahavuye isanamu, Province of the Anglican Church of Burundi
Ishengero rya Anglican mu burundi rivuga ko ritazokwigera ryemera ko Ishengero ryubakira ku vyipfuzo vy’abantu
Inama y’abepiskopi b’ishengero Anglikane (Anglican) mu Burundi bitandukanije n’ishengero Anglikane ryo mu Bwongereza ku ngingo yaryo iherutse gufata yo “kwemera guhezagira ababana basangiye ibitsina”.
Mw’itangazo baraye basohoye, aba bepiskopi bavuga ko baguye mu gahundwe bumvise ko bagenzi babo bo mu Bwongereza bafashe iyi ngingo “hahonyanzwe ico Ijambo ry’Imana rivuga ku mubano w’ababiranye”, nk’uko biri muri iri tangazo.
Eka na bagenzi babo b‘ishengero rya Anglikane mu Rwanda bariyamiriza iyi ngingo y’Ubwongereza, nk’uko biri mw’itangazo ryo mu mpera z’indwi iheze ryateweko igikumu n’umukuru w’iri shengero, Musenyeri Dr. Laurent Mbanda.
Mu ndwi iheze, sinode y’ishengero rya Anglikane mu Bwongreza yaremeje ingingo yo kwemera amasengesho y’imihezagiro ku babana basangiye ibitsina, ariko ikavuga ko itariko irahindura aho ihagaze ku bijanye n’ababana basangiye ibitsina, rikavuga ko batazoshobora gushingirwa mu rusengero.
Muri iyi ngingo, yafashwe na sinodi ya Anglikane mu Bwongereza, abapatiri bafise uburenganzira bwo guhezagira ababana basangiye ibitsina ariko kandi bafise n’uburenganzira bwo kwanka, bikaba vyitezwe ko aba mbere bashobora guhezagirwa mu ci.
Mw’itangazo ryabo, abepiskopi ba Anglikane mu Burundi bavuga ko biyamiriza kandi banebagura “iyo ngingo yafashwe n’inzego z’Ishengero ry’Ubwongereza”.
Bavuga bati: “Ishengero Anglikane mu Burundi ntirizokwigera ryemera ko Ishengero ryubakira ku vyipfuzo vy’abantu aho kwubakira kw’ijambo ry’Imana”.
Basaba abarongoye iri shengero mu Bwongereza kwisubirako bagahindura iyi ngingo bavuga ko “inyuranye rwose n’ico Ijambo ry’Imana rivuga”.
Ishengero ry’Ubwongereza niwo mushinge w’Ishengero rya Anglikane kw’isi, ariko abepiskopi b’i Burundi bibutsa ko “Ishengero ry’Ubwongereza ari Ishengero rimwe mu mashengero agize umuryango w’Abangikane kw’isi yose”, ko rero “ingingo zose rifashe ntiziba ziraba ayo yandi mashengero yose”.
Ku ruhande rwa Anglikane mu Rwanda, Musenyeri Mbanda avuga ko imigenderanire hagati y’ishengero arongoye n’iry’Ubwongereza yari yaramaze gutosekara kubera kwanka kuva kw’izima.
Mw’itangazo yasohoye, avuga ko iyi ngingo y’Ubwongereza “yadenduye n’akari kakiregarega”.
Vyitezwe ko mu kwa kane kuza, abarongoye iri shengero kw’isi yose bashika 1.100 bahuriye mu muryango Global Anglican Future Conference, GAFCON, bazohurira mw’ikoraniro ryabo i Kigali mu Rwanda, aho umukuru wa Anglikane muri iki gihugu avuga ko bazoronka akaryo kisanzuye ko gushikiriza aho bahagaze.
None Ishengero ry’Ubwongereza ritegekanya iki?
Inama nkuru y’iri shengero (Sinodi) – isa n’iy’inama nshingamateka – yabereye i mu Bwongereza ku wa 09 z’uku kwa kabiri yari iyo kwemeza canke guhakana integuro z’abepiskopi b’iri shengero zemerera ababana basangiye ibitsina guhabwa imihezagiro.
Inyuma y’impari zamaze amasaha arenga umunani habaye amatora 18 ku nteguro z’impinduka zatanzwe n’uruhande rw’abashaka ko ibintu bihinduka hamwe n’urw’abagendera ku vya kera.
Integuro y’impinduka zijanye n’uko hoba amatora mu ntumbero yo guhindura inyigisho z’amasabamana muri iri shengero mu ntumbero yo gushingira abubakana basangiye igitsina mu rusengero yaramiriwe kure.
Impinduka yonyene yemejwe ni iyavuye ku ruhande rw’abagendera ku vyakera ivuga ko ibi bisabisho vy’imihezagiro y’Imana “ntibishobora kuja kubiri canke kwerekana ko zitandukanije n’inyigisho z’ishengero ry’Ubwongereza” zitemera gushingira abasangiye igitsina.
Iyemezwa ry’iyi ngingo risigura ko abubakanye basangiye ibitsina bazoshobora kuja mu rusengero rwa Anglikane bahejeje ibirori vyo gushingirwa imbere y’amategeko (Etat civil) kugira ngo basengerwe, harimwo amasengesho yo kwiyegurira Imana, ayo gushimira Imana n’ayo gusaba imigisha y’Imana.
Hagati aho, ababana basangiye ibitsina nta burenganzira bafise bwo gushingirwa mu rusengero.