ICO News

Burundi & Rwanda: Anglican yanse guhezagira ababana basangiye ibitsina – bbc.com


Ahavuye isanamu, Province of the Anglican Church of Burundi

Insiguro y’isanamu,

Ishengero rya Anglican mu burundi rivuga ko ritazokwigera ryemera ko Ishengero ryubakira ku vyipfuzo vy’abantu

Inama y’abepiskopi b’ishengero Anglikane (Anglican) mu Burundi bitandukanije n’ishengero Anglikane ryo mu Bwongereza ku ngingo yaryo iherutse gufata yo “kwemera guhezagira ababana basangiye ibitsina”.

Mw’itangazo baraye basohoye, aba bepiskopi bavuga ko baguye mu gahundwe bumvise ko bagenzi babo bo mu Bwongereza bafashe iyi ngingo “hahonyanzwe ico Ijambo ry’Imana rivuga ku mubano w’ababiranye”, nk’uko biri muri iri tangazo.

Eka na bagenzi babo b‘ishengero rya Anglikane mu Rwanda bariyamiriza iyi ngingo y’Ubwongereza, nk’uko biri mw’itangazo ryo mu mpera z’indwi iheze ryateweko igikumu n’umukuru w’iri shengero, Musenyeri Dr. Laurent Mbanda.

Mu ndwi iheze, sinode y’ishengero rya Anglikane mu Bwongreza yaremeje ingingo yo kwemera amasengesho y’imihezagiro ku babana basangiye ibitsina, ariko ikavuga ko itariko irahindura aho ihagaze ku bijanye n’ababana basangiye ibitsina, rikavuga ko batazoshobora gushingirwa mu rusengero.



READ SOURCE

Read More   Alex Mashinsky Built Celsius Into a House of Cards - CoinDesk

This website uses cookies. By continuing to use this site, you accept our use of cookies.