ICO News

Jay-Z yagirizwa gufata ku nguvu umwana w'imyaka 13 ati: 'Mbabajwe n'umuryango wanje' – BBC.com


Jay-Z na Diddy bari kumwe mu birori vy’isabukuru  y’imyaka 50  y'amavuko ya Diddy  mu  2019.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y’isanamu, Jay-Z na Diddy bari kumwe mu birori vy’isabukuru y’imyaka 50 y’amavuko ya Diddy mu 2019.

  • Umwanditsi, Jude Sheerin
  • Igikorwa, BBC News, Washington DC

Umuraperi Jay-Z ariyamiriza ikirego c’uko we, ari kumwe na Sean “Diddy” Combs, bahaye ibiyayuramutwe umukobwa w’imyaka 13 bari mu birori bakamufata ku nguvu mu 2000.

Uno yitwaye, izina ryiwe rikaba ritashizwe ahabona, avuga ko yatewe mu nzu yariko iberamwo ibirori vyo gutanga ubushimwe, bwa MTV Video Music Awards (VMAs) i New York, kandi ko umugore w’icamamare atavuzwe izina yari muri ico cumba ico gihe.

Mw’itangazo, Jay-Z, izina ryiwe rikaba ari Shawn Carter, ariyamiriza uru rubanza akavuga ko ari ukugerageza kumutera ubwoba.

Diddy – we ubu asanzwe ari mw’ibohero aho arindiririye gucirirwa urubanza inyuma y’uko muri Nyakanga (9) yagirijwe ivyaha vy’ubucuruzi bw’abantu abatwara gusambanywa be n’ibindi vyaha – arahakana iki kirego gishasha.



READ SOURCE

This website uses cookies. By continuing to use this site, you accept our use of cookies.