Ahavuye isanamu, Spiros Richard Hagabimana
Menya Spiros Richard Hagabimana yatanguye kuba mu Bugiriki mu 1991 igihe yajayo nk’umunyeshuri mu gisirikare
Ejo ku wa Mungu aho bukera igenekerezo rya 21 Rusama (5), mu Bugiriki hitezwe amatora y’abashingamateka, aho intebe 300 zigize inama nshingamateka ziriko zirahiganirwa.
Aya matora arimwo umunyaporitike w’Umurundi akaba n’umunyagihugu w’Ubugiriki, Spiros Richard Hagabimana, yiyamamaza kw’izina ry’umugambwe uri ku butegetsi mu Bugiriki, Nouvelle Démocratie.
Hagabimana yatanguye kuba mu Bugiriki mu 1991, akaba yari yagiyeyo nk’umunyeshuri mu gisirikare.
Ariko yabandanije akurikirana ivyo mu gihugu ciwe c’amavukiro gushika n’aho taha agakora mu gipolisi c’Uburundi.
Mu gihe c’imiyiyerekano yo mu 2015 yavuyemwo ukugerageza gutembagaza ubutegetsi bwa nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza, Spiros Richard Hagabimana yafashwe mu bakekwa kubigiramwo uruhara, ibintu wewe ahakana. Yahavuye arekurwa mu nyuma aca asubira mu Bugiriki, mu gihugu ciwe kigira kabiri, iki kikaba kiri mu vyaramufashije kugira ngo ashobore kurekurwa.
Ati: “Nagize Imana ko nari mfise ubwegegihugu bw’Ubugiriki. Nari nsanzwe ndi mu mugambwe wa Nouvelle Démocratie, ng’aha…bamaze kwumva nagiriwe nabi, incuti, abagenzi, abo twakoranye, abo twiganye…bose barahagurutse, barahimiriza inama nshingamatea na reta yo ng’aha, eka n’Ubumwe bwa Bulaya burahagukura, co kimwe n’inama nshingamateka ya Bulaya, barasaba Perezida Nkurunziza bati ‘murekure’.
“Ico gihe rero naciye mvayo, nza ndirukanga ng’aha, ndataha mu gihugu canje kigira kabiri baranyakira”.
Ubu asanzwe ari icegera umuyobozi mukuru w’igisata kijejwe uruja n’uruza.
Richard Hagabimana yabwiye BBC ko ari we mwirabure wenyene ariko aritoza, n’aho mu mugambwe wiwe harimwo abandi birabure.
Mu gihe hari ababona ko Ubugiriki ari igihugu kitorohereza abanyamahanga canke abantu atari abazungu, Hagabimana wewe siko abibona, akavuga ko ari abantu bake cane banka abanyamahanga, nk’uko biba mu bindi bihugu vyose kw’isi.
Ati: “Mu bihugu vyose hariho abantu badakunda kubana n’abanyamahanga, mugabo hari ho benshi mu bihugu vyose ata ngorane zo kubana n’abanyamahanga, kandi ni bo benshi cane. Ni ibintu bibaho mu bihugu vyose, no mu Burundi birabaho, no muri za Amerika”.
Hagabimana avuga ko yakoreye ibitari bike igihugu ciwe c’amavukiro, Uburundi, amaze kuva mu Bugiriki, cane cane mu mugambi wo kugarukana amahoro, wari ushingiye ku biganiro vy’i Arusha, ariko bikaba ngombwa ko asubira guhunga kubera ubutegetsi butari bumworohereje.
Abajijwe igituma yahisemwo gukorera poritike mu Bugiriki hako ayikorera mu Burundi, Hagabimana yishura ati: “Navuyeyo mpunga banyirukangako. Rero ntavyo nari nshoboye kubera intwaro yari ihari, yari ikomeye cane kunsumvya. Nta kintu na kimwe nari mfise kugira ngo nkingire ubuzima bwanje kugira ngo mbandanye mbaho mu Burundi kandi mbandanye mfasha”.
Hagabimana aripfuza ko mu gihe yoramuka atowe yozofasha uko ashoboye kugira ngo imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubugiriki itsimbatare.
Ati: “Ndipfuza ko Uburundi bubandanya bufitaniye imigenderanire myiza n’igihugu canje…cane cane mu vyerekeye ubumenyi, amashure n’ibindi.
“Ubugiriki bwarareze Abarundi benshi na jewe ndimwo, hariho abasirikare benshi bize ivyerekeye kugendesha indege, muri marine, abaganga benshi, aba-pharmaciens, ndipfuza ko ibi vyobandanya”.